Paul Kagame News Forums Rwanda and Burundi Voices Burundi Hope Reply To: Burundi Hope

#1501

Reka tucubake! Kera ngo: “abana banyoye inka baragororoka…”kuko bari bazi ko hariho abarundi benshi bumva inka nk’umugani. Naho umuntu yokura anwa amata y’inka z’inyagano, umuti ntiwoba uwo guhunga mu gihe ayabuze! Umwe wese n’utwo yabiriye akuya. Niko imvura iragwa ntikwira hose ariko twari dukwiye kwiyumvira ingene vyobaye bimeze mu gihe igihugu cobaye kikiri mu minwe y’ubwoko bumwe. Birumvikana ko naho hari ukubura akazi, vyobaye akarande ku bwoko bwari bwahejejwe inyuma n’ingengabitekerezo ry’abahima bamwe! Mu gihe hari abaririra ibirato, abandi baririra ibirenge: Kuba turirira akazi birumvikana, ariko iyo habandanya agatotezo, ubwibone n’amahirika y’ubutegetsi bifatiye ku macakubira, ntitwokwiyumviriye ivyo ubuzi kuko bamwe muri twebwe nta ruhusha twari dufise mu bijanye n’indero! Hari bamwe mu bahunze kubera ko batakironka ivyo bahorana bivanye no kwigungirako, abomowe n’ubukene, abahenzwe n’abigira abanyapolotiki,… Ukuri tukuvuge!

Criminal Paul Kagame