Paul Kagame News Forums Rwanda and Burundi Voices ABACUNGUZI BA FDLR/FOCA Reply To: ABACUNGUZI BA FDLR/FOCA

#1690

Naho Isi nijuru vyofatana, ntaho tuzigera dushira hasi ngo tureke Igihugu twatoye kitugoye kigende uko uretse ko bitonakunda.
Abo bahungu n’abakobwa bi burayi na america ngo bafashe Sinduhije ari Zaventeim atagira visa ya espace schengen, ahandi naho ngo ba Bunyoni, ba Kazungu ngo bafatiwe ibihano. Rero mama ubuho bongeyeko na Marius kandi amatwi adusumira ngo n’abandi bazojako, abo, bose bagahorwa ko bafashije gukinga ngo Uburundi ntiburwe mu maboko ya ba sindumuja-mujeri ariko bobo babagiriza ngo batumye Igihugu kidatekana maze uwobumva atabazi yokwibaza ko aribo ari Abarundi natwe tukaba abo mu burayi na america.
I wabo nta musi wijana ata muntu apfuye arashwe ariko ntawuja kubabaza ati nibiki nibiki, twebwe baraza bakadutwara abacu maze bakadutanga kwitwara ngo twishe mwenewacu kanadribo bamudutwaye maze umutekano wacungwa neza bakabura aho baca ngo bice uwo bashaka bati ibihano birafashwe, ahandi naho ngo badufashe kugira amatohoza y’abapfuye ngo baduhe abahinga kabuhariwe badasobwa mu kumenya uwasheshe amaraso, ariko i wabo Presida Kennedy yarapfuye kera gushika n’ubu nta wuramenya ngo yishwe nande ariko abahinga ni benshi nabo barungika mu Burundi barabafise.
Ntimusamazwe nivyo, kora akazi uko mwahora canke murushirizeho mpaka bo nyene bigaruye bakabona ko bidakunda. Gufatira umuntu ibihano ngo yagwanije imigumuko, kubera yatabaye abasirikare bagenziwe mu gihe amakambi ya Gisirikare yaratewe kuwa 11 na 12 Kigarama 2015, nukuri nico twarahiriye. N’ubu ni basubire barabe, nta terabwoba ririmwo ariko muze mureka tuvugana ukuri, uwuzoja mwibarabara kubera ananiwe no guharura ibiringo vy’Umukuru w’Igihugu, uwuzotera ama kambi atazanye ibigwanisho ngo abitora i ndani nkahumengo ruritaha nubu umuti na wa wundi, nukumuturitsa gushika abasigaye batekanye, bamenye kubana na bagenzi babo kandi bagendera ku mategeko bahabwa n’abaserukira abenegihugu.
Ivyo vyo kudukanga navyo ngo bafashe Sinduhije birabaraba, nibamugumye twebwe ntawe dukeneye cane tuzotegana nuko ahonyoza ikirenge ngaha mu Gihugu c’Uburundi, abo nabo bamubitse nuko batazi imyibutsa y’ikirundi ngo uwubitse ikara mu mushambara niwe riturira ubwambere, nibamubike bazobona ko atari umuntu babitse kuko natwe twamuhaye vyinshi yarabirenzeko aratudurumbanya kandi yarahejeje kunya aho atema.
Harambe SE Mubambangwe n’Abarundi b’Umutima.

Criminal Paul Kagame