Paul Kagame News › Forums › Rwanda and Burundi Voices › Burundi Hope › Reply To: Burundi Hope
N’UBWO BAMWE BATANGAJE KO HARI UBWOKO BUTASERUKIWE,HOBA HABAYE UKWIHENDA! 22/05/2016
Mw’itangazo umuvugizi w’urunani #Cnared,#Cimpaye_Pancrace yasohoye,yasa n’uwidoga kw’izina ry’ubwoko bw’abatutsi,ko bwoba butaserukiwe mu biganiro biriko bihuza abarundi i #Arusha,akongerako yuko ata mugambwe n’umwe mu yihurikiye muri Cnared yitavye ivyo biganiro!
Dufatiye ku makuru yadushikiriye,biraboneka ko uwo muvugizi hoba hari amakuru atari bwamushikire!
Twahavuye tumenya imwe imwe mu migambwe yitavye:
#Uprona ya #Karori_Nditije,yaserukiwe na #Tasiyano_Sibomana na #Varisito_Ngayimpenda,
#Upd_Zigamibanga iserukirwa n’umushingamateka #Pasiteri_Mpawenayo,
#Sahwanya_Frodebu na #Ferederiko_Bamvuginyumvira,
#Cndd na #Leonardo_Nyangoma,
Bamwe bakavuga ko kuba batari bwasesekare i Arusha vyatewe n’amatike y’indege atari bwabashikire!
Bikaba arivyo vyoba vyatumye #Pancrace yibaza ko batagiye!
Kandi umuntu yihweje asanga n’ubwo bwoko #Cimpaye yavugira ko butaserukiwe,harimwo ababuserukiye,kiretse abo we yashaka boba ataribo bagiye!
Bikaba bitegekanyijwe ko umuhuza yakira imirwi yitavye uku gukurikira:
1.Kubonana n’abaserukira reta,
2.Kubonana n’abaserukira urwaruka,
3.Kubonana n’imigambwe yitavye amatora,
4.Kubonana n’imigambwe ititavye amatora!
Criminal Paul Kagame