Paul Kagame News Forums Rwanda and Burundi Voices Burundi Hope Reply To: Burundi Hope

#27137

CNARED ITANGUYE GUSENYUKA INKINGI N’AMAKOMA! 01/07/2016

Nk’uko vyari bimaze imisi binurwanurwa ko urunani ‪#‎Cnared‬ ruriko ruratura imigaga,abadashaka kuvyumva bakavyamirira kure,ubu inkingi n’amakoma vyatanguye gusenyuka!

Kuri uwu wa 28/06/2016,umugambwe ‪#‎Sonovi_Ruremesha‬,warasohoye itangazo aho wikebanura ku mugaragaro muri Cnared,itangazo ryateweko umukono n’umukuru wawo ‪#‎Deogratias_Ndayishimiye‬!

Uwu musi wa kane,igenekerezo rya 30/06/2016,amakuru yashikiriye uruganda rwacu rwa ‪#‎Humura_Burundi‬,yatumenyesheje ko icegera c’umukuru w’umugambwe ‪#‎Sahwanya_Frodebu‬,umushingamateka ‪#‎Frederic_Bamvuginyumvira‬,yakuye akarenge mu mabanga yari yarajejwe n’urwo runani Cnared,yo kuba umukomiseri ajejwe poritike!

Ku makuru dufise,bivurwa ko hoba hari n’abandi, amakete yo kwikebanura urwo runani ariko arandikwa,ayandi aza ari mu nzira!

Ico bose bahuriyeko nk’ivyagiriji kuri urwo runani,ni:

1.Ukudaha agaciro kangana abanywanyi bagize urwo runani,kuko hari abitwaza amabanga bafise mu gusuzugura abandi,kandi ivyo bibanza vyari ivyo gukoreramwo atari ivyo gutegekeramwo no kuramvyamwo,

2.Ukutaja inama n’ingingo mu ngingo zifatirwa mu rwego nyobozi,kandi ivyiyumviro vy’abanywanyi bose vyategerezwa kwumvirizwa ku neza y’urunani,

3.Ugukorera mu gifuri kwa bamwe mu bagize urwego nyobozi,ku buryo na bamwe bamwe mubo basangiye uburongozi batamenya iyo ingingo nyinshi zizanana,

Ku bakurikiranira hafi ivy’urwo runani bakamenyesha ko rushobora gusambuka n’ibiganiro bitarahera,ku buryo hazohava hitaba ibiganiro umugambwe umwe wose ukwawo!

Criminal Paul Kagame