Paul Kagame News Forums Rwanda and Burundi Voices Burundi Hope Reply To: Burundi Hope

#27138

IMPEMBO Y’UMWANA IPFIRA MU MAGODOKA! 20/07/2016

Vyari bizwi mu mico y’ikirundi ko atawurya inzoka ngo ananirwe n’umurizo,ariko siko bikiri mu banyeporitike bamwe bamwe basa n’abaruhijwe n’urugamba!

Ubu benshi bakaba bariko baca imigani ngo :”Hakora mu nda!”
Amakuru ariko ava mu nzira guhemuka z’umugambwe ‪#‎Sahwanya_Frodebu‬ avuga ko kuba ikoraniro ry’umugambwe kuwa 16/07/2016 ryorohejwe n’ubutegetsi kubera burifisemwo inyungu!

Hoba hari umwumvikano wabaye mw’ibanga hagati y’intumwa za ‪#‎Nkurunziza‬ n’indongozi za ‪#‎Frodebu‬ aribo ‪#‎Leonce_Ngendakumana‬ na ‪#‎Frederic_Bamvuginyumvira‬,aho boba bariko barakenyura ukuntu bokwumvisha abatavugarumwe na reta bemere kwiyegereza ubutegetsi,bemere bagabure bidaciye mu bagabo(‪#‎amakungu‬ n’‪#‎akarere‬)!

Akaba ari navyo vyatumye ‪#‎Leonce‬ yubahuka akemanga ko we n’abo basangiye kuyovya intumbero y’urugamba,basinzikajwe na kigoyi,ashatse kuvuga ko ata tuguvu two kurwanya Nkurunziza boba bagifise!

Tugerageje kubaza icatumye bahitamwo kwishikana ku butegetsi kandi bari bafashe inzira igororotse n’isinzi ry’abarundi rikaba ryari ribashigikiye,
Izo ‪#‎Nziraguhemuka‬ zatubwiye ko hari uburyo bwahora butangwa n’abanyamahanga bamwe bamwe ku banyeporitike babasigurira ko ari ubwo gushika ku banyagihugu bo ku mitumba babumvisha ububi bw’intwaro ya Nkurunziza,akaba ari nabwo bikorako mu buzima busanzwe bikenura,
Ubu rero ubwo buryo bukaba bwarahagaze,bica bituma abari babuzeyeko amakiriro bata umutwe n’ubwoko!

Ikindi ni uko bari bakoze ibiharuro vyo kwunguka mu gihe bari kubaha udufaranga two kwitaba ibiganiro,ariko kuva amakungu afashe ingingo yo kubarihira vyose,ata mafaranga babaha mu minwe,vyunyuye vyose,

Ari n’aho rero hafatiwe ingingo yo gusaba ko boza kuganirira mu ‪#‎Burundi‬,ivyo akaba arivyo reta yipfuza ko biba kugira bishobore kujamwo abo yipfuza,abanse ikabacisha ku buhomba!

Ivyo vyose bikaba biterwa ivyatsi n’abanyamugambwe,aho banasaba ‪#‎Ngendakumana‬ ko atari kugaruka mu burongozi,mu gihe hari n’abandi babishoboye bari guhabwa amahirwe yo kuja mu nzego nz’umugambwe!

Criminal Paul Kagame